Skip to content
النِّسَاء /

Ayah 97

4 : 97

Ayah 97 of النِّسَاء (4 : 97). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

النِّسَاء Ayahs 176
4 : 97

إِنَّ ٱلَّذِينَ تَوَفَّىٰهُمُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ ظَالِمِيٓ أَنفُسِهِمۡ قَالُواْ فِيمَ كُنتُمۡۖ قَالُواْ كُنَّا مُسۡتَضۡعَفِينَ فِي ٱلۡأَرۡضِۚ قَالُوٓاْ أَلَمۡ تَكُنۡ أَرۡضُ ٱللَّهِ وَٰسِعَةٗ فَتُهَاجِرُواْ فِيهَاۚ فَأُوْلَٰٓئِكَ مَأۡوَىٰهُمۡ جَهَنَّمُۖ وَسَآءَتۡ مَصِيرًا

Mu vy’ukuri, abicwa n’abamalayika, bakaba barirenganije ku kutimukira aho batekanirwa mw’idini, nibazuka, bazobazwa n’abamalayika n’agasuzuguro n’akantu bati: “Mwabayeho gute mw’idini ryanyu?”. Na bo bazokwishura bigovyora bati: “Twari dufise ingoga nke kw’isi, ntitwari dushoboye kwirwanako”. Abamalayika na bo bati: “Mbega isi y’Imana Allah, ntiyari yagutse, ku buryo mwari kwimukira ahandi kw’isi mugaheza mugatekanirwa, mukidegemvya mw’idini ryanyu!”. Abo rero, ni bo ubushikiro bwabo ari mu muriro wa Jahannamu, ni na yo maherezo mabi cane;