31 : 30
ذَٰلِكَ بِأَنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلۡحَقُّ وَأَنَّ مَا يَدۡعُونَ مِن دُونِهِ ٱلۡبَٰطِلُ وَأَنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلۡعَلِيُّ ٱلۡكَبِيرُ
Ivyo vyose rero, bikerekana ubushobozi bw’Imana Allah kugira mumenye ko ari Yo Nyakuri; n’uko ivyo musenga mu gishingo cayo ari irementanya; n’uko Imana Allah ari Yo Nyenicubahiro-ntangere, Nyenubukuru, Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa.
Explanation & meanings · 1
- Ukubaho kwayo n’ibikomoka kuri Yo vyose, ni ukuri, nta makenga canke amazinda ari mu mazina no mu matazirano yayo, kibure mu bumana bwayo.