Skip to content
آل عِمران /

Ayah 45

3 : 45

Ayah 45 of آل عِمران (3 : 45). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

آل عِمران Ayahs 200
Surah · آل عِمران
Ikirundi · Gehiti
3 : 45

إِذۡ قَالَتِ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ يَٰمَرۡيَمُ إِنَّ ٱللَّهَ يُبَشِّرُكِ بِكَلِمَةٖ مِّنۡهُ ٱسۡمُهُ ٱلۡمَسِيحُ عِيسَى ٱبۡنُ مَرۡيَمَ وَجِيهٗا فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِ وَمِنَ ٱلۡمُقَرَّبِينَ

Muvugishwamana! Si n’aho wari uri igihe abamalayika bavuga bati: “Ewe Mariyamu! Mu vy’ukuri Imana Allah Iraguha inkuru nziza ko uzokwibaruka umwana azosamwa imbanyi kw’ijambo rivuye kuri Yo. Amaze kuvuka rero akazokwitwa Masihi Isa mwene Mariyamu, azokwubahwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Azoba ari no mu batonye ku Mana Allah ku musi w’izuka;

Explanation & meanings · 2
  1. Intumwa y’Imana Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yiswe Jambo kuko yibungenzwe ku bushobozi bw’ijambo rivuye ku Mana Allah.
  2. Yasizwe imigisha.