Skip to content
Al-Mu-minuuna /

Ayah 100

23 : 100

Ayah 100 of Al-Mu-minuuna (23 : 100). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

Al-Mu-minuuna Ayahs 118
Surah · Al-Mu-minuuna
Ikirundi · Gehiti
23 : 100

لَعَلِّيٓ أَعۡمَلُ صَٰلِحٗا فِيمَا تَرَكۡتُۚ كَلَّآۚ إِنَّهَا كَلِمَةٌ هُوَ قَآئِلُهَاۖ وَمِن وَرَآئِهِم بَرۡزَخٌ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ

Kumbure hari n’aho nokwemera nkumvira Imana Allah mu gukora ibikorwa vyiza, mu vyo nirengagije gukora!”. Eka nateshwe ate aranguha! Ako ni akarimi gusa, ayo ni amajambo avuga atavuye ku mutima; hamwe yoramuka asubijwe kw’isi, nta nkeka ko yokora kandi ivyo yabujijwe. Abamaze gupfa rero, bazitiwe n’uruzitiro “Barzakhi” rutuma badashobora kugaruka kw’isi gushika ku musi w’izuka.

Explanation & meanings · 1
  1. Umuntu uwo ari we wese amaze gupfa agasezera isi, aca azitirirwa mu kuzimu ku buryo adashobora kugaruka kandi mu buzima bwo kw’isi, maze akaguma muri “Barzakhiˮ mu kurindira isango ryo kuzuka, kugira aharurirwe yongere ahemberwe ivyo yakoze kw’isi.