Skip to content
Mar-yam /

Ayah 64

19 : 64

Ayah 64 of Mar-yam (19 : 64). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

Mar-yam Ayahs 98
Surah · Mar-yam
Ikirundi · Gehiti
19 : 64

وَمَا نَتَنَزَّلُ إِلَّا بِأَمۡرِ رَبِّكَۖ لَهُۥ مَا بَيۡنَ أَيۡدِينَا وَمَا خَلۡفَنَا وَمَا بَيۡنَ ذَٰلِكَۚ وَمَا كَانَ رَبُّكَ نَسِيّٗا

Mumalayika Jibrili! Bwira Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) uti: “Burya twebwe abamalayika, ntituva mw’ijuru ngo tumanuke kw’isi, kiretse kw’itegeko duhawe n’Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Rugaba w’ivyo twimirije muri kazoza mu buzima bw’inyuma yo gupfa, n’ivyo twarenganye muri kahise mu buzima bwo kw’isi, n’ibizoba rero hagati yavyo ; kandi Imana yawe Rurema Allah ntiyibagira ikintu na kimwe;

Explanation & meanings · 2
  1. Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yari yabajije umumalayika Jibrili igituma hari igihe ateba kumanuka aje kumuhishurira Qor’ani.
  2. Imana Allah, ni Yo Rugaba w’ikintu ico ari co cose, kibaye ku mwanya uwo ari wo wose, kibereye ahantu aho ari ho hose.