Skip to content
يُونس /

Ayah 68

10 : 68

Ayah 68 of يُونس (10 : 68). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

يُونس Ayahs 109
Surah · يُونس
Ikirundi · Gehiti
10 : 68

قَالُواْ ٱتَّخَذَ ٱللَّهُ وَلَدٗاۗ سُبۡحَٰنَهُۥۖ هُوَ ٱلۡغَنِيُّۖ لَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۚ إِنۡ عِندَكُم مِّن سُلۡطَٰنِۭ بِهَٰذَآۚ أَتَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ

Ababangikanyamana bavuze ko Imana Allah Yiyitiriye umwana. Banguha! Imana Allah nininahazwe mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya, ni Yo Uwikenuye Yikwije muri vyose, ni Yo Nkomoko y'impuhwe ku biremwa, Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, eka nta n’icemezo mufise ku vyo murementaniriza Imana Allah. Mbega yemwe, karashize ingani muvuge n’ivyo mutazi ku vyerekeye Imana Allah!

Explanation & meanings · 1
  1. Nk’uko bavuze kandi ko abamalayika ari abakobwa b’Imana Allah, canke ko Masiihi Isa mwene Mariyamu, ari umwana w’Imana Allah.