Skip to content
Yuunus /

Ayah 18

10 : 18

Ayah 18 of Yuunus (10 : 18). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

Yuunus Ayahs 109
Surah · Yuunus
Ikirundi · Gehiti
10 : 18

وَيَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَضُرُّهُمۡ وَلَا يَنفَعُهُمۡ وَيَقُولُونَ هَٰٓؤُلَآءِ شُفَعَٰٓؤُنَا عِندَ ٱللَّهِۚ قُلۡ أَتُنَبِّـُٔونَ ٱللَّهَ بِمَا لَا يَعۡلَمُ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَلَا فِي ٱلۡأَرۡضِۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ

Ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ibigirwamana ata na kimwe bibamariye mu gihe babisenze, eka ata n’ico bibiciye mu gihe boreka kubisenga, bakanavuga bigovyora ngo ibi bigirwamana, tubisenga kugira gusa bituvugire ku Mana Allah! Ntumwa y'Imana! Babwire uti: “Mbega none mubwira Imana Allah ko bibavugira kuri Yo, kandi Yoyo Itazi ko iryo vugira ribaho mu majuru no mw’isi! ”. Imana Allah Nininahazwe, Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya.

Explanation & meanings · 2
  1. Haba kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
  2. Iyo biba vyo, ko ibigirwamana bishobora kubavugira ku Mana Allah, Imana Allah Yari kuba Ibizi kubasumba.