"Uwishushanyije n'umugwi w'abantu mu nyifato no mu nyambaro, araheza agacika umwe muri bo".
Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Uwishushanyije n'umugwi w'abantu mu nyifato no mu nyambaro, araheza agacika umwe muri bo".
«مَن تَشَبَّهَ بِقَوْمٍ فَهُوَ مِنْهُمْ».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko uwishushanyije n'umugwi w'abantu mu bagararizamana, canke mu bigaba birenga ku mabwirizwa y'Imana Allah, canke mu beranda, maze agakora ikintu mu bibaranga vyaba ari ibijanye n'ivyo bemera ku mutima, canke ivyo bakora mu kugaragaza ukwemera kwabo, canke imigirwa ya misiyose, ko aheza agaharurwa muri bo ku kwigenza nkabo; kuko burya umuntu kwigenza nkabo mu vyo abantu babona n'amaso, bituma yigenza nkabo no mu vyo batabona n'amaso mu bihishije mu mushaha, nta nkeka rero ko umuntu kwigenza nk'umugwi w'abantu, biterwa n'ukunezerezwa n'ukungene ababona, hari n'igihe rero ivyo bituma abakunda, akabubahira ico, maze akiharura muri bo, hari n'igihe ivyo biheza bigakwegera umuntu no mu kwigenza nkabo mu (bijanye n'ukwemera) bihishije mu mushaha, hamwe rero no mu bikorwa bigaragaza ukwemera kwabo. Allah Aturinde kwigenza nk'abagararizamana.
...:
Ukwihaniza umwislamu ko adakwiye kwigenza nk'abagararizamana n'ibigaba birenga ku mabwirizwa y'Imana Allah.
Uguhimiriza umwislamu ko akwiye kwigenza nk'aberanda, maze akabigana.
Ukwishushanya n’umugwi w'abantu mu vyo abantu babona n'amaso, bituma umushaha wiwe ubakunda.
Umuntu akorwako n'ingingo yihaniza ikanasezeranira ibihano uwishushanyije n’umugwi w'abantu, hisunzwe urugezo n'ukungene yigenza n'ubwoko bw'ivyo abiganako.
Ibuzwa ryo kwishushanya n'abagararizamana, ni mu bijanye n'idini ryabo hamwe n'imigirwa ibaranga mu kwemera kwabo, nayo ibitari muri ivyo; nko kwiga imyuga n'ubuhinga bwanone, n'ibindi nk'ivyo, ntibiri mu bibujijwe.
Igitabu "Sunanu Abu Dawud" (6/ 144) (4031).
Igitabu "Musnadu Ahmad" (9/ 126) (5115).
Ivyiyongeyeko (8)
توضيح الأحكام من بلوغ المرام.
للبسام (7/ 363).
منحة العلام في شرح بلوغ المرام.
لعبد الله الفوزان (10/ 157).
فتح ذي الجلال والاكرام بشرح بلوغ المرام.
لابن عثيمين (6/ 335).
مشكاة المصابيح.
للتبريزي (2/ 1246).
Cited in books
13 BooksIvyiyongeyeko (13)
- الخطب المنبرية موسوعة الخطب المنبرية (القسم الثاني)«مَنْ تَشَبَّهَ بِقَوْمٍ فَهُوَ مِنْهُمْ»
- حكم المستهزئين بالأنبياء والمرسلين«مَنْ تَشَبَّهَ بِقَوْمٍ فَهُوَ مِنْهُمْ»[6]،
- قاموس الكبائرموسوعة الكبائر - المجموعة الثالثة«مَنْ تَشَبَّهَ بِقَوْمٍ فَهُوَ مِنْهُمْ» [78].
- قاموس الكبائرموسوعة الكبائر - المجموعة الرابعة«مَنْ تَشَبَّهَ بِقَوْمٍ فَهُوَ مِنْهُمْ»[73].
- قاموس الكبائرموسوعة الكبائر - المجموعة الرابعة«مَنْ تَشَبَّهَ بِقَوْمٍ فَهُوَ مِنْهُمْ»[123].
- قاموس الكبائرموسوعة الكبائر - المجموعة الخامسة«مَنْ تَشَبَّهَ بِقَوْمٍ فَهُوَ مِنْهُمْ»
- ما لا يسع أطفال المسلمين جهله«مَنْ تَشَبَّهَ بِقَوْمٍ فَهُوَ مِنْهُمْ»[128].
- مباحث في أصول الدين1«من تشبه بقوم فهو منهم».
- مجموعة أسئلة تهم الأسرة المسلمة1«مَن تشبَّه بقَومٍ فهو منهم».
- مجموعة أسئلة تهم الأسرة المسلمة1«مَن تشبَّه بقومٍ فهو منهم».
- مشروع المنهج التعليميمادة التوحيد مستوى 4 «مَنْ تَشَبَّهَ بِقَوْمٍ فَهُوَ مِنْهُمْ».
- مشروع المنهج التعليميمادة التوحيد مستوى 4 «مَنْ تَشَبَّهَ بِقَوْمٍ فَهُوَ مِنْهُمْ»،
- نبراس طالب (5)1«مَنْ تَشَبَّهَ بِقَوْمٍ فَهُوَ مِنْهُمْ»