Mbwira mu vyerekeye ubwislamu, ijambo ntazobaza uwundi muntu n'umwe atari wewe". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yishuye iti: "Vuga uti: "Naremeye Imana Allah", hanyuma ugororoke mu gutsimbatara kw'idini"".
Mu vyakiriwe na Sufiyaani mwene Abdi Llaahi Al-Thaqafiy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
"Naravuze mbaza nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbwira mu vyerekeye ubwislamu, ijambo ntazobaza uwundi muntu n'umwe atari wewe". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yishuye iti: "Vuga uti: "Naremeye Imana Allah", hanyuma ugororoke mu gutsimbatara kw'idini"".
قُلْتُ: يَا رَسُولَ اللهِ، قُلْ لِي فِي الْإِسْلَامِ قَوْلًا لَا أَسْأَلُ عَنْهُ أَحَدًا غَيْرَكَ، قَالَ: «قُلْ: آمَنْتُ بِاللهِ، ثُمَّ اسْتَقِمْ».
Ingendanyi Sufiyaani mwene Abdi Llaahi (Imana Allah Imwishimire) yarasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko amwigisha ijambo rihurikiyemwo ibijanye n'ubwislamu kugira arifate nkama maze arigendere, ku buryo ata wundi n'umwe azoribaza atari we, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca aramwishura amwigisha ati: Vuga uti: "Naremeye Imana Allah ko ari Yo Mana yanje Rurema, n'uko ari Yo Mana yanje nsenga, n'uko ari Yo Yandemye Ikaba ari na Yo Mana y'ukuri Ikwiye gusengwa n'ibiremwa Itagira na kimwe kibangikanijwe na Yo mu gusengwa", mu nyuma y'ivyo rero aheze yumvire Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo no kureka ivyo Yaziririje, maze ashishikare gutyo.
...:
Umushinge w'idini, ni ukwemera Imana Allah ko ari Imwe Rudende ata kuyibangikanya na kimwe mu bubungabunzi bw'ibiremwa no mu kuyisenga, ata n'ukuyibangikanya mu mazina n'amatazirano yayo.
Akamaro k'ugutsimbatara ku bugororotsi mw'idini inyuma y'ukwemera, no gushishikara gukora ibikorwa nyegerezamana, hamwe rero no gutsimbatara kuri vyo.
Ukwemera, ni ikintu gisabwa kugira ibikorwa vyakirwe.
Ukwemera Imana Allah, hahurikiyemwo birya vyose umuntu ategerezwa kwemera mu vyo umuntu yemera akemanga ku mutima hamwe n'umushinge w'ukwemera, hakabamwo kandi n'ibikorwa vy'umutima bitegerezwa gukurikira ukwemera, hamwe rero n'ukwicisha bugufi ku Mana Allah mw'ibanga no ku mugaragaro.
Ugutsimbatara ku bugororotsi, ni ukuguma mu nzira igororotse ata guhesha, biciye mu kwubahiriza ibitegetswe no kureka ibibujijwe.
Igitabu "Swahiihu Muslim" (1/ 65) (38).
Igitabu "Musnadu Ahmad" (24/ 141) (15416).
Ivyiyongeyeko (5)
المفهم (1/137).
جامع العلوم والحكم (1/507).
فتح القوي المتين للعباد (ص 76).
شرح الأربعين النووية لعبد الكريم الخضير (ص 285).
شرح الأربعين لصالح آل الشيخ (ص 305).
Cited in books
8 BooksIvyiyongeyeko (8)
- الخطب المنبريةموسوعة الخطب المنبرية (القسم الأول)«قُلْ آمَنْتُ بِاللَّهِ، ثُمَّ اسْتَقِمْ»
- خذ عقيدتك من الكتاب والسنة الصحيحة«قل آمنتُ باللهِ، ثم استَقِمْ»
- رياض الصالحينرياض الصالحين مع فوائد وهدايات - 1 «قُلْ: آمَنْتُ بِالله، ثُمَّ اسْتَقِمْ».
- مجموعة زاد الحديث(3)1«قُلْ آمنتُ بالله، ثمَّ اسْتقِمْ»
- مجموعة زاد الحديث(3)1«آمَنتُ بِالله، ثُمَّ استَقِم»،
- مشروع منهاج زادكزادك معلم 3(قُلْ: آمَنْتُ بِالله، ثُمَّ اسْتَقِمْ)،
- مشروع منهاج زادكزادك 3 طالب نهائي«قُلْ: آمَنْتُ بِالله، ثُمَّ اسْتَقِمْ»
- نبراس طالب (1)1قُلْتُ: يَا رَسُولَ اللهِ، قُلْ لِي فِي الْإِسْلَامِ قَوْلًا لَا أَسْأَلُ عَنْهُ أَحَدًا بَعْدَكَ. قَالَ: «قُلْ: آمَنْتُ بِالله، فَاسْتَقِمْ»