Skip to content
التوبَة /

Ayah 107

9 : 107

Ayah 107 of التوبَة (9 : 107). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

التوبَة Ayahs 129
Surah · التوبَة
Ikirundi · Gehiti
9 : 107

وَٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ مَسۡجِدٗا ضِرَارٗا وَكُفۡرٗا وَتَفۡرِيقَۢا بَيۡنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَإِرۡصَادٗا لِّمَنۡ حَارَبَ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ مِن قَبۡلُۚ وَلَيَحۡلِفُنَّ إِنۡ أَرَدۡنَآ إِلَّا ٱلۡحُسۡنَىٰۖ وَٱللَّهُ يَشۡهَدُ إِنَّهُمۡ لَكَٰذِبُونَ

N’indyarya zakanagaye zikubaka umusigiti mu ntumbero yo kuburabuza abemeramana, kugarariza Imana Allah hamwe no gucanishamwo abemeramana; ngo habe abaheba gusengera mu musigiti wa Qubaa bahora basengeramwo, mu kurindira uwitwa Abu Aamir Al-Raahib yatanguye kurwanya Imana Allah n’Intumwa yayo, kugira agire nya musigiti ihuriro ryo kuburabuza abemeramana. Izo ndyarya rero, zizorahira kw’Izina ry’Imana Allah zirengwe, ziti: “Ni ukuri, ntitwigeze twubaka uwo musigiti kiretse ku bugwaneza, mu ntumbero yo kworohereza abashaka gusengera hafi, badashoboye kuja mu musigiti wa Qubaa”. Burya Imana Allah, ni Icabona ko mu vy'ukuri zibesha mu vyo zirahirira;

Explanation & meanings · 1
  1. Uwo musigiti wubatswe n’indyarya wahavuye usenyurwa uranaturirwa.