68 : 15
إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ءَايَٰتُنَا قَالَ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Bigatuma iyo asomewe Aayah zacu za Qor’ani, azihakana yivuye inyuma, agashoka avuga ati: “Qor'ani, ni imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere.
Explanation & meanings · 1
- Izi Aayah rero, n’aho zahishuwe zinebagura bamwe mu babangikanyamana; nka Waliid mwene Al-Mughiira, zirihaniza umwislamu uwo ari we wese ko yogira inyifato zigayitse nk’izo.