Skip to content
المَائدة /

Ayah 32

5 : 32
المَائدة Ayahs 120
Surah · المَائدة
Ikirundi · Gehiti
5 : 32

مِنۡ أَجۡلِ ذَٰلِكَ كَتَبۡنَا عَلَىٰ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ أَنَّهُۥ مَن قَتَلَ نَفۡسَۢا بِغَيۡرِ نَفۡسٍ أَوۡ فَسَادٖ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَكَأَنَّمَا قَتَلَ ٱلنَّاسَ جَمِيعٗا وَمَنۡ أَحۡيَاهَا فَكَأَنَّمَآ أَحۡيَا ٱلنَّاسَ جَمِيعٗاۚ وَلَقَدۡ جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُنَا بِٱلۡبَيِّنَٰتِ ثُمَّ إِنَّ كَثِيرٗا مِّنۡهُم بَعۡدَ ذَٰلِكَ فِي ٱلۡأَرۡضِ لَمُسۡرِفُونَ

Ku kubera ico caha co kwica rero, Twategetse Bene Israyeli, ko uwishe umuntu ku karenganyo atari ku mvo yo kwihora canke guhana igenzwa n’ubwononyi kw’isi, ahabwa igihano gikaze nk’aho yoba yishe abantu bose; n’uko uwubungabunze ubuzima bw’umuntu, Imana Allah Yaziririje ko yicirwa ubusa, ahabwa indishi ihambaye nk’aho yoba yabungabunze ubuzima bw’abantu bose. Ni ukuri, Bene Israyeli baramaze gushikirwa n’Intumwa zacu, zibangikanije n’ivyemezo vyerekana ukuri kw’ukwemera Imana Allah no kwubahiriza amabwirizwa yayo. Inyuma yo gushikirwa n’izo Ntumwa rero, abenshi muri bo barimonogoza kw’isi mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.

Explanation & meanings · 2
  1. Nk’ibangikanyamana, ukwambura ivya murundi hakoreshejwe ibirwanisho.
  2. Ukubungabunga ubuzima bw’umuntu umwe ntiyicirwe ubusa, ni wo mushinge wo kubungabunga ubuzima bw’abantu bose no kwubahiriza agateka kabo. Kukaba nkako, burya ukwicira umuntu ubusa ata camira, ni yo ntango yo kurendegera mu kwicira ubusa abantu bose.