Skip to content
الحُجُرَات /

Ayah 2

49 : 2

Ayah 2 of الحُجُرَات (49 : 2). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الحُجُرَات Ayahs 18
49 : 2

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَرۡفَعُوٓاْ أَصۡوَٰتَكُمۡ فَوۡقَ صَوۡتِ ٱلنَّبِيِّ وَلَا تَجۡهَرُواْ لَهُۥ بِٱلۡقَوۡلِ كَجَهۡرِ بَعۡضِكُمۡ لِبَعۡضٍ أَن تَحۡبَطَ أَعۡمَٰلُكُمۡ وَأَنتُمۡ لَا تَشۡعُرُونَ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukarenze urwamo Umuvugishwamana mu gihe muriko muraganira na we; kandi ntimugasemerere mu kumuhamagara nka kurya mubigenza hagati yanyu, kuko vyotuma ibikorwa vyanyu bicika impfagusa ata vyo muzi.

Explanation & meanings · 1
  1. Kutarenza urwamo Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) no guca bugufi mw’ijwi mu gihe co kuganira na yo, hamwe rero no kudasemerera mu kuyihamagara, ni bimwe mu rupfasoni rutegerezwa kwubahirizwa kuri yo, kuko yatewe iteka ryo kurungikwa n’Imana Allah kugira yemerwe, ikundwe, yongere ikurikirwe muri vyose.