Skip to content
الفَتح /

Ayah 1

48 : 1

Ayah 1 of الفَتح (48 : 1). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الفَتح Ayahs 29
Surah · الفَتح
Ikirundi · Gehiti
48 : 1

إِنَّا فَتَحۡنَا لَكَ فَتۡحٗا مُّبِينٗا

Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaraguhaye intsinzi igaragara yo kunesha ababangikanyamana, igihe mutera igikumu ku masezerano yitiriwe “Al-Hudaybiyya”;

Explanation & meanings · 1
  1. Al-Hudaybiyya, ni izina ry’ahantu hatereweko igikumu ku masezerano yo kudashamirana no guhana agahengwe k’imyaka cumi hagati y’abislamu n’ababangikanyamana b’i Makka. Ayo masezerano rero, ni yo yahavuye aba imvo yo gusasagaza ubwislamu mu mihingo y’isi, maze abantu barinjira mu bwislamu bari mu migwimigwi, ikaba ari yo mpamvu yatumye Imana Allah Yita nya masezerano, intsinzi igaragara.