41 : 9
۞ قُلۡ أَئِنَّكُمۡ لَتَكۡفُرُونَ بِٱلَّذِي خَلَقَ ٱلۡأَرۡضَ فِي يَوۡمَيۡنِ وَتَجۡعَلُونَ لَهُۥٓ أَندَادٗاۚ ذَٰلِكَ رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni ukuri, aho nyene murakenyeye mugararize Imana Allah Yaremye isi mu misi ibiri, maze muyigirire ababangikanyi muyibangikanya mu gusengwa! Iyo Mana Yaremye, ni Yo Mana Mubungabunzi w’ibiremwa vyose;