Skip to content
آل عِمران /

Ayah 20

3 : 20

Ayah 20 of آل عِمران (3 : 20). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

آل عِمران Ayahs 200
Surah · آل عِمران
Ikirundi · Gehiti
3 : 20

فَإِنۡ حَآجُّوكَ فَقُلۡ أَسۡلَمۡتُ وَجۡهِيَ لِلَّهِ وَمَنِ ٱتَّبَعَنِۗ وَقُل لِّلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡأُمِّيِّـۧنَ ءَأَسۡلَمۡتُمۡۚ فَإِنۡ أَسۡلَمُواْ فَقَدِ ٱهۡتَدَواْۖ وَّإِن تَوَلَّوۡاْ فَإِنَّمَا عَلَيۡكَ ٱلۡبَلَٰغُۗ وَٱللَّهُ بَصِيرُۢ بِٱلۡعِبَادِ

Ntumwa y’Imana! Abahawe Igitabu nibaguhaririza ku vyerekeye ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, uraheza ubabwire uti: “Naramaze gutumbera no kwicisha bugufi ku Mana Imwe Rudende Allah, jewe n’abankurikiye mu bemeramana”. Uraheza ubwire kandi abahawe Igitabu n’ababangikanyamana uti: “Ubwo ntimwokwicisha bugufi mukaba abislamu!”. Baramutse rero babaye abislamu, ni ukuri bazoba bakurikiye inzira igororotse; nibagenza umugongo naho bakakwirengagiza, ni ukuri uzoba wamaze gukora ico ujejwe, wewe ujejwe gusa gushikiriza ubutumwa, burya rero Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’abaja bayo kandi Izobibahembera.