Skip to content
آل عِمران /

Ayah 119

3 : 119

Ayah 119 of آل عِمران (3 : 119). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

آل عِمران Ayahs 200
Surah · آل عِمران
Ikirundi · Gehiti
3 : 119

هَٰٓأَنتُمۡ أُوْلَآءِ تُحِبُّونَهُمۡ وَلَا يُحِبُّونَكُمۡ وَتُؤۡمِنُونَ بِٱلۡكِتَٰبِ كُلِّهِۦ وَإِذَا لَقُوكُمۡ قَالُوٓاْ ءَامَنَّا وَإِذَا خَلَوۡاْ عَضُّواْ عَلَيۡكُمُ ٱلۡأَنَامِلَ مِنَ ٱلۡغَيۡظِۚ قُلۡ مُوتُواْ بِغَيۡظِكُمۡۗ إِنَّ ٱللَّهَ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ

Bemeramana! Ehe mwebwe ico mwihendako, ni uko mubakunda mukabagirira ubugwaneza kandi na bo batigera babakunda na gato; mukemera Ibitabu vyose vyamanuwe harimwo n’Igitabu cabo, mu gihe bo batemera Igitabu canyu Qor’ani. Ni gute none mwobakunda! No mu gihe bahuye na mwe barabiyorobekako bakababwira bati: “Twaremeye!” ; biherera naho, bakicwa n’intuntu n’akantu babahigira kw’ishavu n’ishari babafitiye. Ntumwa y’Imana ! Babwire uti: “Nimwicwe rero n’ishavu!”. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi neza ibiri mu mishaha, Izohemba umwe wese ku co yakoze; caba iciza canke ikibi.