Skip to content
آل عِمران /

Ayah 120

3 : 120

Ayah 120 of آل عِمران (3 : 120). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

آل عِمران Ayahs 200
Surah · آل عِمران
Ikirundi · Gehiti
3 : 120

إِن تَمۡسَسۡكُمۡ حَسَنَةٞ تَسُؤۡهُمۡ وَإِن تُصِبۡكُمۡ سَيِّئَةٞ يَفۡرَحُواْ بِهَاۖ وَإِن تَصۡبِرُواْ وَتَتَّقُواْ لَا يَضُرُّكُمۡ كَيۡدُهُمۡ شَيۡـًٔاۗ إِنَّ ٱللَّهَ بِمَا يَعۡمَلُونَ مُحِيطٞ

Bemeramana! Mu vyerekana urwanko babafitiye, ni uko iyo mushikiwe n’iciza; nk’intsinzi ku rugamba canke kuronka iminyago, bibatera ishavu n’agahinda. Iyo naho mushikiwe n’ikiza, birabahimbara. Nimwihanganira rero ibiza bibashikira, mugaheza mukagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kubarwanya kwabo ku rwenge nta na kimwe kuzobicira. Mu vy’ukuri, Imana Allah mu bumenyi bwayo, Irakikuje ivyo bakora vyose, kandi Izobibahembera.

Explanation & meanings · 1
  1. Nko kuneshwa ku rugamba, gukehanirwa n’amatungo canke umwimbu canke kubura abanyu.