Skip to content
النور /

Ayah 11

24 : 11

Ayah 11 of النور (24 : 11). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

النور Ayahs 64
Surah · النور
Ikirundi · Gehiti
24 : 11

إِنَّ ٱلَّذِينَ جَآءُو بِٱلۡإِفۡكِ عُصۡبَةٞ مِّنكُمۡۚ لَا تَحۡسَبُوهُ شَرّٗا لَّكُمۖ بَلۡ هُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡۚ لِكُلِّ ٱمۡرِيٕٖ مِّنۡهُم مَّا ٱكۡتَسَبَ مِنَ ٱلۡإِثۡمِۚ وَٱلَّذِي تَوَلَّىٰ كِبۡرَهُۥ مِنۡهُمۡ لَهُۥ عَذَابٌ عَظِيمٞ

Mu vy’ukuri, abazanye inkuru y’irementanya y’icaha c’ubusambanyi bagirije umuvyeyi w’abameramana Aisha (Imana Allah Imwishimire), ni akagwi k’abantu muri mwebwe nyene. Ntimwibaze rero ko iryo rementanya harimwo inabi kuri mwebwe, ahubwo harimwo ineza kuri mwebwe kuko ari yo mvo y’iyezwa ry’umuvyeyi w’abemeramana Aisha kuri ico caha, vyongeye ni n’igeragezwa ku bemeramana. Uwo wese rero, yakwiragije iryo rementanya yarakoze icaha ategerezwa guhanirwa; nayo uwagize uruhara rukomeye muri bo mw’ikwiragizwa ry’iryo rementanya, arategekanirijwe ibihano rutura mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

Explanation & meanings · 1
  1. Ni umukuru w’indyarya yitwa Abdu Llaahi mwene Ubayyi mwene Saluul.