11 : 78
وَجَآءَهُۥ قَوۡمُهُۥ يُهۡرَعُونَ إِلَيۡهِ وَمِن قَبۡلُ كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ٱلسَّيِّـَٔاتِۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ هَٰٓؤُلَآءِ بَنَاتِي هُنَّ أَطۡهَرُ لَكُمۡۖ فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَلَا تُخۡزُونِ فِي ضَيۡفِيٓۖ أَلَيۡسَ مِنكُمۡ رَجُلٞ رَّشِيدٞ
Ni ho rero abantu baza banyaragasa kwa Luutwi, bakaba bahora bari mu bipfuza abagabo ha kwipfuza abagore, Luutwi aca arabiyama ababwira ati: “Ng’aba abakobwa banje ndababashingize, ni bo mukwiranye; nimutinye ibihano vy’Imana Allah, reka ntimuntetereze mu gushira isoni ku bashitsi banje, ubwo muri mwebwe ntihagiramwo umuntu n’umwe w’inararibonye yobabuza gukora iryo bara?”.
Explanation & meanings · 1
- Muri iyi Aayah, Imana Allah Yise abagore abakobwa ba Luutwi kuko Intumwa yarungitswe ku bantu, ifatwa nka sewabo.