Skip to content

"Mu vy'ukuri, ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe izirikana-gikorwa vyakoranwe; kandi burya mu vy'ukuri, umwe wese arafise ku mushaha wiwe ico yazirikanye

Mu vyakiriwe n'indongozi y'abemeramana Se wa Hafswa, Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:

"Mu vy'ukuri, ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe izirikana-gikorwa vyakoranwe; kandi burya mu vy'ukuri, umwe wese arafise ku mushaha wiwe ico yazirikanye, uwo wese rero ukwimuka kwiwe kuzoba ari ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo, ukwimuka kwiwe kuzokwakirwa ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo. Nayo uwuzoba ukwimuka kwiwe ari ku bw'isi n'ibihendamaso vyayo arondera, canke kukaba ari ku mvo z'ugukurikira umugore ashaka kwubakana nawe, ukwimuka kwiwe kuzokwakirwa ku mvo z'ivyatumye yimuka"".

«إنَّمَا الأَعْمَالُ بِالنِّيَّاتِ، وَإِنَّمَا لِكُلِّ امْرِئٍ مَا نَوَى، فَمَنْ كَانَتْ هِجْرَتُهُ إلَى اللَّهِ وَرَسُولِهِ فَهِجْرَتُهُ إلَى اللَّهِ وَرَسُولِهِ، وَمَنْ كَانَتْ هِجْرَتُهُ لِدُنْيَا يُصِيبُهَا أَوْ امْرَأَةٍ يَنْكِحُهَا فَهِجْرَتُهُ إلَى مَا هَاجَرَ إلَيْهِ».

Yashikirijwe n'indongozi zibiri z'abanonosoye ibijanye n'inyigisho n'imgenzi y'intumwa: Abu Abdillaahi Muhamadi mwene Ismaa'iil mwene Ibraahiim mwene Al-Mughiirah mwene Bardazbah, azwi cane kw'izina rya Al-Bukhaariy, na Abu Al-Husain azwi kw'izina rya Muslimu mwene Al-Hajjaaj mwene Muslim Al-Qushayriy Al-Naysaabuuriy, mu bitabu vyabo vyitwa "Swahiih", vyompi bikaba ari vyo bitabu vyanditswe mu bijanye n'inyigisho n'imigenzo y'intumwa yizewe kandi yemewe
Inyigishi y'intumwa yemewe
Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko ibikorwa vyose bihabwa agaciro k'indishi hisunzwe izirikana-gikorwa vyakoranwe. Iyi ni ingingo rusangi yerekeye ibikorwa vyose, vyaba ari ibikorwa nyegerezamana canke ibikorwa bijanye n'itunganywa ry'imirimo ya misiyose; ni ukuvuga ko uwugize ico akora aharanira inyungu z'ivy'isi (mu ntumbero yo kurondera ico yogikuramwo ng'aha kw'isi), nta co azoheza ngo ahembwe kiretse mu kuronswa ico nyene yazirikanye kurondera, nta n'impembo azoheza ngo akironkere mu buzima bw'inyuma yo gupfa; nayo uwugize ico akora mu ntumbero yo kwiyegereza Imana Allah, azoheza agihemberwe indishi n'impera n'aho coba ari igikorwa gisanzwe cane; nko gufungura n'ukunywa. Hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratanze akarorero mu kwerekana inkurikizi y'izirikana-gikorwa mu vyo abantu bakora n'aho boba babikoze mu buryo bumwe uravye ukungene babikoze, aho yerekanye ko uwazirikanye mu kwimuka ataye urwiwe arondera gushimwa n'Imana yiwe Rurema Allah, azoheza agahabwa impembo y'ukwimuka kwemewe ku bw'Imana Allah hisunzwe izirikana-gikorwa ryiwe; nayo uwazirikanye mu kwimuka kwiwe, guharanira inyungu z'ivy'isi (kurondera ibihendamaso vy'isi), mu matungo, canke mu vyubahiro, canke mu rudandazwa, canke umukenyezi, azoheza agahabwa impembo y'ukwimuka kwiwe, mu kuronswa ivyo yazirikanye bigatuma yimuka, nta n'umugabane w'impembo azoronka mu buzima bw'inyuma yo gupfa.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Guhimiriza umuntu ko yogira izirikanamana, kuko mu vy'ukuri Imana Allah, ntiyakira igikorwa kiretse icakozwe mu ntumbero yo kurondera gushimwa nayo.

Ibikorwa vyiza vyegereza umuntu ku Mana Allah, iyo umuntu abikoze nk'ibikorwa bisanzwe vyo mu buzima bwa misiyose (mu buryo bw'akamenyero), ntaheza ngo abihemberwe iyo atabikoze mu ntumbero y'ukurondera kwiyegereza Imana Allah.

Izirikana-gikorwa, ni ryo rituma haba itandukaniro hagati ya bimwe n'ibindi mu bikorwa nyegerezamana, hakaba n'itandukaniro hagati y'ibikorwa nyegerezamana n'ibimenyerewe gukorwa mu buzima bwa misi yose.

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Swahiihu l-Bukhaariy" (9/ 22) (6953).

(1/ 6) (1).

Igitabu "Swahiihu Muslim" (3/ 1515) (1907).

Ivyiyongeyeko (8)

التحفة الربانية في شرح الأربعين حديثًا النووية (ص5).

شرح الأربعين النووية.

لابن عثيمين (ص5).

فتح القوي المتين في شرح الأربعين وتتمة الخمسين.

للعباد (ص8).

شرح النووي على مسلم (13/ 54).

تاج العروس من جواهر القاموس.

للزبيدي (7/ 196).