Skip to content

"Mu vy'ukuri, abantu bakoresha nabi amatungo y'Imana Allah, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, baragenewe umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa"".

Mu vyakiriwe na Khawla Al-Answaariyya (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narigeze kwumva Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati:

"Mu vy'ukuri, abantu bakoresha nabi amatungo y'Imana Allah, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, baragenewe umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa"".

«إِنَّ رِجَالًا يَتَخَوَّضُونَ فِي مَالِ اللهِ بِغَيْرِ حَقٍّ، فَلَهُمُ النَّارُ يَوْمَ الْقِيَامَةِ».

Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
Inyigishi y'intumwa yemewe
Ugusobanura

Uvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye ku vyerekeye abantu bakoresha nabi amatungo y'abislamu, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, bakanayihereza mu buryo batarekuriwe, ko bategekanirijwe umuriro. Iyi ni mu nsiguro rusangi ihurikiyemwo ikoreshwa nabi ry'amatungo, haba mu gihe co kuyegeranya no kuyatororokanya mu bizira, canke mu kuyakoresha mu bitarekuwe no ku batabirekuriwe, harimwo no kurya amatungo y'impfuvyi, amatungo yagenewe igikorwa nyezina "waq-fu", umuntu kwihakana imbitso yabikijwe "amaana" maze akayihagira, hamwe rero no kwihereza ivyo umuntu atarekuriwe mu matungo rusangi. Mu nyuma Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye ko impera y'abo bantu, ari ukwinjizwa mu muriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa.

Insobanuro y'amajambo

...:

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Amatungo ari mu minwe y'abantu, mu vy'ukuri ni amatungo y'Imana Allah Ibabikije, Iheza Ikayabakurakuranyako kugira bayakoreshe mu nzira no mu buryo bwemewe bushingiye ku mabwirizwa, baheze birinde no kuyakoresha mu nzira no mu buryo butarekuwe. Iyi ngingo rero, yega abantu bose uhereye ku ndongozi (zo hejuru) hari ivyo zaragijwe gushika ku bantu bose, umwe wese ku co yaragijwe n'Imana Allah.

Ikoreshwa ry'ibwirizwa ry'umukazo ku vyerekeye amatungo rusangi, n'uko uwo wese hari ico yaragijwe gutunganiriza abantu, bitebe bitebuke ategerezwa kuzokibazwa ku musi w'izuka ry'ibiremwa, maze aharurirwe ukuntu yacegeranije n'ukuntu yagikoresheje.

Ugusezeranirwa igihano ku bantu bakoresha nabi amatungo, harimwo n'ikoreshwa ry'amatungo mu bitarekuwe n'amabwirizwa y'ubwislamu, haba mu matungo y'umuntu bwite canke mu matungo y'uwundi.

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Swahiihu l-Bukhaariy" (4/ 85) (3118).

Ivyiyongeyeko (6)

فتح ذي الجلال والاكرام بشرح بلوغ المرام.

لابن عثيمين (6/ 372).

منحة العلام في شرح بلوغ المرام.

لعبد الله الفوزان (10/ 231).

توضيح الأحكام من بلوغ المرام.

للبسام (7/ 424).