Skip to content

"Uwuzohura n'Imana Allah atigeze ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Nayo uwuzohura na Yo yarayibangikanije, azokwinjira mu muriro udahera".

Mu vyakiriwe na Jaabiri mwene Abdillaahi (Imana Allah Ibishimire bompi we na se), yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ivuga iti:

"Uwuzohura n'Imana Allah atigeze ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Nayo uwuzohura na Yo yarayibangikanije, azokwinjira mu muriro udahera".

«مَنْ لَقِيَ اللهَ لَا يُشْرِكُ بِهِ شَيْئًا دَخَلَ الْجَنَّةَ، وَمَنْ لَقِيَهُ يُشْرِكُ بِهِ دَخَلَ النَّارَ».

Yashikirijwe na Muslimu
Inyigishi y'intumwa yemewe
Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana ko uwupfuye atabangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe, amaherezo yiwe ari mu Bwami bw'ijuru, n'aho yobanza guhanirwa bimwe mu vyaha vyiwe, n'uko uwupfuye ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azoja mu muriro udahera ubutakivayo.

Insobanuro y'amajambo

...:

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Akamaro k'ukwemera ko Imana Allah ari Imwe Rudende, n'uko ari kwo kuzorokora abantu mu kugumizwa mu muriro udahera ubutakivayo.

Ko Ubwami bw'ijuru n'umuriro udahera, biri hafi cane y'umuntu; kuko ata kiri hagati yiwe no kuvyinjira atari urupfu gusa.

kwihaniza n'ukwamirira kure ibangikanyamana uko ringana kwose, ryaba rito canke rinini; kuko ukurokoka mu muriro udahera gushingiye ku kwirinda ibangikanyamana.

Igihambaye mu bikorwa umuntu akora, ni impera n'imperuka azosozererako ubuzima (ibikorwa birabwa umusozo).

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Swahiihu Muslim" (1/ 94) (93).

Ivyiyongeyeko (4)

الملخص في شرح كتاب التوحيد.

لصالح الفوزان (ص49).

الجديد في شرح كتاب التوحيد.

لمحمد القرعاوي (ص60).