Uwo wese azoba umugwaneza mu vyo akora ari mu bwislamu, ntazohanirwa ivyo yakoze acemera ibintazi. Nayo uwuzokora ibibi ari mu bwislamu, azoheza ahanirwe ivyo yakoze hambere no hanyuma"".
Mu vyakiriwe na Mwene Mas'uud (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
"Hari umugabo yigeze kuvuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbega burya tuzohanirwa ivyo twakoze tukiri mu kwemera ibintazi (mu bujuju bw'ukutamenya ubwislamu)?". Intumwa yishuye iti: " Uwo wese azoba umugwaneza mu vyo akora ari mu bwislamu, ntazohanirwa ivyo yakoze acemera ibintazi. Nayo uwuzokora ibibi ari mu bwislamu, azoheza ahanirwe ivyo yakoze hambere no hanyuma"".
قَالَ رَجُلٌ: يَا رَسُولَ اللهِ، أَنُؤَاخَذُ بِمَا عَمِلْنَا فِي الْجَاهِلِيَّةِ؟ قَالَ: «مَنْ أَحْسَنَ فِي الْإِسْلَامِ لَمْ يُؤَاخَذْ بِمَا عَمِلَ فِي الْجَاهِلِيَّةِ، وَمَنْ أَسَاءَ فِي الْإِسْلَامِ أُخِذَ بِالْأَوَّلِ وَالْآخِرِ».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arerekana ivyiza vy'umuntu kwinjira mu bwislamu. Aranerekana ko uwubaye umwislamu hanyuma akigenza neza mu bwislamu bwiwe, akanaba umuzirikanamana w'imvugakuri mu vyo akora, atazohanirwa ivyaha yakoze acemera ibintazi. Ni nk'uko yerekana neza na neza ko uwuzokwigenza nabi ari mu bwislamu mu kuba indyarya canke mu guhemuka kw'idini akarivamwo, azoheza agahanirwa ivyaha yakoze akiri mw'igararizamana (mu kwemera ibintazi) hamwe rero n'ivyaha yakoze ari mu bwislamu.
...:
Umwitwarariko w'ingendanyi (Imana Allah Izishimire) mu kugira impungenge ku vyo zakoze zikiri mu bujuju bw'ukwemera ibintazi "al-jaahiliyya".
Ihimiriza ry'ugutsimbatara ku bwislamu.
Ivyiza vy'umuntu kwinjira mu bwislamu, n'uko ubwislamu buhanagura ivyaha yakoze imbere yuko aba umwislamu.
Uwuhemukiye idini akarivamwo "murtaddi" hamwe n'indyarya, bompi bahanirwa ibikorwa vyose bakoze bakiri mu bujuju bw'ukwemera ibintazi, hamwe rero n'ivyaha bakoreye mu bwislamu mu nyuma.
Igitabu "Swahiihu l-Bukhaariy" (9/ 14) (6921).
Igitabu "Swahiihu Muslim" (1/ 111) (120).
Ivyiyongeyeko (3)
مشارق الأنوار على صحاح الآثار (2/229).
الكواكب الدراري (24/43).
عمدة القاري شرح صحيح البخاري (24/ 76).
Cited in books
2 BooksIvyiyongeyeko (2)
- الأسئلة المختارة من قاموس الأسئلة الشائعة حول الإسلامقسم الإسلام«مَن أحسن في الإسلام لم يؤاخذ بما عمل في الجاهلية، ومن أساء في الإسلام أُخِذَ بالأول والآخِر»
- موسوعة الأسئلة (المجموعة الأولى)«مَنْ أَحْسَنَ فِي الإِسْلَامِ لَمْ يُؤَاخَذْ بِمَا عَمِلَ فِي الْجَاهِلِيَّةِ، وَمَنْ أَسَاءَ فِي الإِسْلَامِ أُخِذَ بِالأَوَّلِ وَالآخِرِ»