Skip to content

"Mu vy'ukuri intungane nya ntungane, ku Mana Allah zizohabwa ivyicaro vy'iteka ku nyegamo zikozwe mu muco, ziri iburyo bwa Nyenimpuhwe "Rahmaani", Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, kanatsinda amaboko yiwe yompi, ni ay’iburyo

Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:

"Mu vy'ukuri intungane nya ntungane, ku Mana Allah zizohabwa ivyicaro vy'iteka ku nyegamo zikozwe mu muco, ziri iburyo bwa Nyenimpuhwe "Rahmaani", Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, kanatsinda amaboko yiwe yompi, ni ay’iburyo", izo ntungane rero, ni barya bantu b'intungane batagira nkunzi mu ngingo bafata igihe bariko batunganiriza abantu, igihe bariko batunganiriza imiryango yabo, no mu gihe co kwubahiriza amabanga n'amabango bajejwe".

«إِنَّ الْمُقْسِطِينَ عِنْدَ اللهِ عَلَى مَنَابِرَ مِنْ نُورٍ، عَنْ يَمِينِ الرَّحْمَنِ عَزَّ وَجَلَّ، وَكِلْتَا يَدَيْهِ يَمِينٌ، الَّذِينَ يَعْدِلُونَ فِي حُكْمِهِمْ وَأَهْلِيهِمْ وَمَا وَلُوا».

Yashikirijwe na Muslimu
Inyigishi y'intumwa yemewe
Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ku vyerekeye barya batunganiriza abantu mu kubacira urugororotse vy'ukuri ata nkunzi, maze bagatunganiriza abo bajejwe mu bantu no mu miryango yabo, ko ku cubahiro bazoba bafise ku musi w'izuka ry'ibiremwa, bazoba bicaye ku nyegamo z'iteka zisununuye zihinguwe mu muco. Izi nyegamo, zizoba ziri iburyo bwa Nyenimpuhwe Nyaguhabwicubahiro nta ngere, kanatsinda amaboko yompi ya Nyenukuninahazwa Allah, ni ay’iburyo.

Insobanuro y'amajambo

المقسطين: العادلين.

في حكمهم: في قضائهم.

ما وَلُوا: الذي كانت لهم عليه ولاية.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Ivyiza vyo gutunganiriza abantu hamwe n'ihimirizwa ryo kugendera ubutungane.

Ubutungane muri rusangi, buhurikiyemwo birya vyose biragizwa abantu harimwo n'ubutegetsi; vyongeye, harimwo mbere n'ugutunganiriza abakenyezi, abana, n'abandi atari abo.

Kwerekana agaciro n'igihagararo vy'intungane nya ntungane ku musi w'izuka ry'ibiremwa.

Ubusumbasumbane bw'ivyubahiro vy'abemeramana ku musi w'izuka ry'ibiremwa, ku buryo umwe wese muri bo azohabwa icubahiro hisunzwe ibikorwa vyiwe yakoze.

Uburyo bwiza bwo gukundisha abantu ibikorwa vyiza, ni bumwe mu buryo bwo bukoreshwa mw'irarikiramana rikundisha uwurarikwa ibikorwa nyumviramana.

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Swahiihu Muslim" (3/ 1458) (1827).

Ivyiyongeyeko (10)

نزهة المتقين شرح رياض الصالحين.

لمجموعة من الباحثين (1/ 547).

تطريز رياض الصالحين.

لفيصل المبارك (ص428).

كنوز رياض الصالحين.

لمجموعة من الباحثين (9/ 314).

بهجة الناظرين شرح رياض الصالحين.

لسليم الهلالي (1/ 710).

شرح رياض الصالحين.

لابن عثيمين (3/ 640).