Skip to content

"Umuriro udahera wakikujwe n'ibikundwa n'abantu mu bisayangana vy'isi; Ubwami bw'ijuru na bwo bwakikujwe n'ibidakundwa n'abantu mu vy'isi".

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah), yavuze iti:

"Umuriro udahera wakikujwe n'ibikundwa n'abantu mu bisayangana vy'isi; Ubwami bw'ijuru na bwo bwakikujwe n'ibidakundwa n'abantu mu vy'isi".

«حُجِبَتِ النَّارُ بِالشَّهَوَاتِ، وَحُجِبَتِ الْجَنَّةُ بِالْمَكَارِهِ».

Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
Inyigishi y'intumwa yemewe
Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana neza na neza, ko umuriro udahera ukikujwe n'ibintu umuntu akunda akavyipfuza mu guhurumbira gukora ibizira canke mu kudebukirwa gukora ibisabwa; uwuramutse rero atwawe n'ivyipfuzo vy'umutima wiwe, aba ahisemwo umuriro udahera. Arasigura n'uko Ubwami bw'ijuru bukikujwe n'ibintu umuntu adakunda; nko kwubaha akubahiriza amabwirizwa, maze akirinda gukora ibizira, akihanganira kudatwarwa n'ivyipfuzo vyiwe. Iyo rero akoze ibisabwa maze akihangana mu kutavogera ibizira, aba ahisemwo kwinjira mu Bwami bw'ijuru.

Insobanuro y'amajambo

حُجبت: حُفت وأُحيطت.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Bimwe mu bituma abantu batwarwa n'ivyipfuzo vyabo maze bakagwa mu vyaha, ukuryoherezwa na shetani ugukora ibibi n'ibicumuro, kugera n'aho umuntu abona nya kibi canke nya gicumuro nk'aho ari iciza maze akagihurumbira.

Ni ngombwa kwubahiriza ibwirizwa ry'ukwirinda gutwarwa n'ibihendamaso vy'isi mu gukora ibizira, kuko ari yo nzira ishikana umuntu mu muriro udahera; hakubahirizwa n'ukwihanganira ibidakundwa n'abantu mu gukora ibisabwa, kuko ari yo nzira ishikana umuntu mu Bwami bw'ijuru.

Ivyiza vyo guhangana n'umushaha mu kugira akigoro ko guhurumbira ibikorwa nyegerezamana, hamwe rero n'ukwihanganira gukora ibisabwa bidakundwa n'abantu hamwe n'uburemere buri mu kwubahiriza ibikorwa nyumviramana.

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Swahiihu l-Bukhaariy" (8/ 102) (6487).

Igitabu "Swahiihu Muslim" (4/ 2174) (2822).

Igitabu "Sunanu Abu Dawud" (7/ 122) (4744).

Igitabu "Sunanu Al-Tirmidhiy" (4/ 274) (2560).

Igitabu "Sunanu Al-Nasaa-iy" (7/ 3) (3763).

Ivyiyongeyeko (10)

كنوز رياض الصالحين.

لمجموعة من الباحثين (2/ 449).

شرح رياض الصالحين.

لابن عثيمين (2/ 87).

المنهاج شرح صحيح مسلم بن الحجاج.

للنووي (17/ 165).

بهجة الناظرين شرح رياض الصالحين.

لسليم الهلالي (1/ 183).

نزهة المتقين شرح رياض الصالحين.

لمصطفى الخِن وغيره (1/ 134).