"Zina-kintu cose kiborera, ni inzoga; kandi zina-kintu cose kiborera, kirazira kikaziririzwa kucihereza. Umuntu uwo ari we wese rero anyoye inzoga mu buzima bwo kw'isi, maze akarinda apfa akiyinywa, atigeze yigaya ngo areke kuyinywa akiri muzima, ntazonywa namba ku nzoga mu buzima bw'inyuma yo gupfa".
Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Zina-kintu cose kiborera, ni inzoga; kandi zina-kintu cose kiborera, kirazira kikaziririzwa kucihereza. Umuntu uwo ari we wese rero anyoye inzoga mu buzima bwo kw'isi, maze akarinda apfa akiyinywa, atigeze yigaya ngo areke kuyinywa akiri muzima, ntazonywa namba ku nzoga mu buzima bw'inyuma yo gupfa".
«كل مُسْكِرٍ خَمْرٌ، وكل مُسْكِرٍ حرام، ومن شرِب الخمر في الدنيا فمات وهو يُدْمِنُهَا لَمْ يَتُبْ، لَمْ يَشْرَبْهَا في الآخرة».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko buri kintu cose kiyovya ubwenge kikaborera uwacihereje ari inzoga, caba ari ikinyobwa canke ikiribwa kibure icimoterezwa, canke ibindi bitari ivyo, n'uko ikintu ico ari co cose kiborera kikayovya ubwenge, Imana Allah Yamaze kukiziririza Ikanabuza ko ciherezwa; ukwihereza dukeya kuri co kirazira, co kimwe n'ukwihereza twinshi. Yarerekanye n'uko uwo wese yihereje ikintu ico ari co cose muri ivyo bintu biborera, agashishikara acihereza ntaheze ngo yigaye, maze akarinda apfa akicihereza, ko yagenewe n'Imana Allah ibihano mu kuzobuzwa kucihereza mu Bwami bw'ijuru.
Imvo y'iziririzwa ry'inzoga, ni ukuba iyovya ubwenge ikaborera. Ikintu cose rero kiborera, mu bwoko ubwo ari bwo bwose gihinguwemwo, kirazira kikaziririzwa kucihereza "haraam".
Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yaziririje inzoga kuko ukuyihereza bitera ingaruka mbi n'ubwononyi bukomeye.
Ukunywa inzoga mu Bwami bw'ijuru, kiri mu kuryoherwa no guhimbarwa nta ngere, kikaba kiri no mu nema z'akaroruhore zamaho.
Uwutigumije mu kutanywa inzoga mu buzima bwo kw'isi, Imana Allah Yaraziririje kuri we ko azoyikoza mu kanwa mu Bwami bw'ijuru, burya impembo y'umuntu izokwisunga ubwoko bw'igikorwa yakoze.
Ihimirizwa ryo kwihutira kwigaya ivyaha imbere yuko umuntu apfa.
Igitabu "Swahiihu l-Bukhaariy" (7/ 104) (5575).
Igitabu "Swahiihu Muslim" (3/ 1587) (2003).
Ivyiyongeyeko (15)
منحة العلام في شرح بلوغ المرام.
لعبد الله الفوزان (8/ 519).
فتح ذي الجلال والاكرام بشرح بلوغ المرام.
لابن عثيمين (5/ 418).
توضِيحُ الأحكَامِ مِن بُلوُغ المَرَام.
للبسام (6/ 307).
معالم السنن.
وهو شرح سنن أبي داود.
للخطابي (4/ 264).
الفتح الرباني لترتيب مسند الإمام أحمد بن حنبل الشيباني.
للساعاتي (16/ 116).
فيض القدير شرح الجامع الصغير.
للمناوي (5/ 30).
مرقاة المفاتيح شرح مشكاة المصابيح.
لعلي القاري (6/ 2382).
Cited in books
6 BooksIvyiyongeyeko (6)
- سؤال وجواب حول الإسلام«كُلُّ مُسْكِرٍ خَمْرٌ، وَكُلُّ مُسْكِرٍ حَرَامٌ»
- قاموس الكبائر موسوعة الكبائر - المجموعة الأولى«كُلُّ مُسْكِرٍ خَمْرٌ، وَكُلُّ مُسْكرٍ حَرَامٌ، وَمَنْ شَرِبَ الخَمْرَ فِي الدُّنْيَا فَمَاتَ وَهُوَ يُدْمِنُهَا وَلَمْ يَتُبْ، لَمْ يَشْرَبْهَا فِي الآخِرَةِ» [96].
- قاموس الكبائر«كُلُّ مُسْكِرٍ خَمْرٌ، وَكُلُّ مُسْكرٍ حَرَامٌ، وَمَنْ شَرِبَ الخَمْرَ فِي الدُّنْيَا فَمَاتَ وَهُوَ يُدْمِنُهَا وَلَمْ يَتُبْ، لَمْ يَشْرَبْهَا فِي الآخِرَةِ» [96].
- كتاب تعليم المسلم الجديد«كُلُّ مُسْكِرٍ خَمْرٌ، وَكُلُّ مُسْكِرٍ حَرَامٌ»
- مجموعة زاد الفقه (4)«كُلُّ مُسْكِرٍ خَمْرٌ، وكُلُّ مُسْكِرٍ حَرامٌ».
- محرمات استهان بها كثير من الناسكل مسكر خمر، وكل مسكر حرام