7 : 92
ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ شُعَيۡبٗا كَأَن لَّمۡ يَغۡنَوۡاْ فِيهَاۚ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ شُعَيۡبٗا كَانُواْ هُمُ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Abahakanye Shu’ayibu, barahonejwe nk’aho batigeze babaho ngo baryoherwe mu mihana yabo. Abahakanye Shu’ayibu, burya ni bo bahomvye kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.