Skip to content
الأعرَاف /

Ayah 189

7 : 189

Ayah 189 of الأعرَاف (7 : 189). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الأعرَاف Ayahs 206
Surah · الأعرَاف
Ikirundi · Gehiti
7 : 189

۞ هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَكُم مِّن نَّفۡسٖ وَٰحِدَةٖ وَجَعَلَ مِنۡهَا زَوۡجَهَا لِيَسۡكُنَ إِلَيۡهَاۖ فَلَمَّا تَغَشَّىٰهَا حَمَلَتۡ حَمۡلًا خَفِيفٗا فَمَرَّتۡ بِهِۦۖ فَلَمَّآ أَثۡقَلَت دَّعَوَا ٱللَّهَ رَبَّهُمَا لَئِنۡ ءَاتَيۡتَنَا صَٰلِحٗا لَّنَكُونَنَّ مِنَ ٱلشَّٰكِرِينَ

Bantu! Imana Allah ni Yo Yabaremye Ibakomoye kuri Adamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), Iraheza Imuremamwo umukenyezi wiwe Hawa kugira amumare irungu anamutururuze. Amaze rero kwiherera akarangurana na we amabanga y’abubatse, yarasamye imbanyi iraheza irakura bukebuke; amaze gukurirwa hakagera ko yibaruka, bompi barasavye Imana yabo Rurema Allah bati: “Niwaramuka Uduhaye ikibondo ceranda gitunganye, nta nkeka ko tuzoba mu bagushimira inema yo kuronswa ikibondo”.

Explanation & meanings · 1
  1. Abavugwa ng’aha, ni umugabo n’umugore bubatse izabo muri Bene Adamu.