Skip to content
الأنعَام /

Ayah 138

6 : 138
الأنعَام Ayahs 165
Surah · الأنعَام
Ikirundi · Gehiti
6 : 138

وَقَالُواْ هَٰذِهِۦٓ أَنۡعَٰمٞ وَحَرۡثٌ حِجۡرٞ لَّا يَطۡعَمُهَآ إِلَّا مَن نَّشَآءُ بِزَعۡمِهِمۡ وَأَنۡعَٰمٌ حُرِّمَتۡ ظُهُورُهَا وَأَنۡعَٰمٞ لَّا يَذۡكُرُونَ ٱسۡمَ ٱللَّهِ عَلَيۡهَا ٱفۡتِرَآءً عَلَيۡهِۚ سَيَجۡزِيهِم بِمَا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ

Ababangikanyamana baranavuze bati: “Ibi bitungwa n’ibiterwa twageneye ibigirwamana birakingiwe, nta wurekuriwe kuvyikorako kiretse uwo dushaka mu babihagarariye, no mu bandi. Ivyo rero babivuga ku vyipfuzo vyabo. Hanyuma bati: "Izi ngamiya na zo kirazira kuzurira canke kuzihekako ikintu na kimwe”. Hakaba rero n’izindi ngamiya mu kuzikoresha ikintu ico ari co cose, batigera baninahaza Imana Allah. Ivyo vyose rero, babikora mu kurementaniriza Imana Allah. Imana Allah rero, Izobahembera ivyo bahora bayirementaniriza.