Skip to content
الأنعَام /

Ayah 136

6 : 136

Ayah 136 of الأنعَام (6 : 136). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الأنعَام Ayahs 165
Surah · الأنعَام
Ikirundi · Gehiti
6 : 136

وَجَعَلُواْ لِلَّهِ مِمَّا ذَرَأَ مِنَ ٱلۡحَرۡثِ وَٱلۡأَنۡعَٰمِ نَصِيبٗا فَقَالُواْ هَٰذَا لِلَّهِ بِزَعۡمِهِمۡ وَهَٰذَا لِشُرَكَآئِنَاۖ فَمَا كَانَ لِشُرَكَآئِهِمۡ فَلَا يَصِلُ إِلَى ٱللَّهِۖ وَمَا كَانَ لِلَّهِ فَهُوَ يَصِلُ إِلَىٰ شُرَكَآئِهِمۡۗ سَآءَ مَا يَحۡكُمُونَ

Ababangikanyamana bageneye Imana Allah umugabane mu vyo Yaremye mu biterwa, mu vyamwa no mu bitungwa, ari na wo baherezako abakene bakanazimanako n’abashitsi, baraheza bavuga bati: “Umugabane w’ibi, ni uw’Imana Allah - ku vyipfuzo vyabo - umugabane wundi na wo, ni uw’abahagarariye ibigirwamana vyacu”. Ivyo bageneye abahagarikizi b’ibigirwamana vyabo rero, nta na kimwe muri vyo gishikira Imana Allah ; mu gihe ivyo bageneye Imana Allah, biheza bigahabwa abahagarikizi b’ibigirwamana vyabo; kuko ngo Imana Allah Irikenuye. Ni mbi cane ingingo y’igabura ryabo!

Explanation & meanings · 1
  1. Ngo gitangweko imperezwa canke ngo gihabwe abakene, ahubwo gihabwa ibigirwamana biciye ku babihagarikiye.