Skip to content
الحدِيد /

Ayah 4

57 : 4

Ayah 4 of الحدِيد (57 : 4). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الحدِيد Ayahs 29
Surah · الحدِيد
Ikirundi · Gehiti
57 : 4

هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ يَعۡلَمُ مَا يَلِجُ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا يَخۡرُجُ مِنۡهَا وَمَا يَنزِلُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ وَمَا يَعۡرُجُ فِيهَاۖ وَهُوَ مَعَكُمۡ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ

Ni Yo Yaremye amajuru indwi n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo “Al’Arsh” mu buryo buberanye n'icubahiro cayo; Irazi neza ibinyikira mw’isi nk’amama y’imvura n’ibindi; ibiva mw’isi nk’ibimera, ubutare n’amazi n’ibindi; ibimanuka biva mw’ijuru nk’imvura, abamalayika n’Ibitabu, n’ibindi; ibiduga bija mw’ijuru nk’abamalayika, ibikorwa vy’ibiremwa, n’ibindi; kandi Yamye Iri kumwe na mwe ku bumenyi bwayo aho muri hose. Ni na Yo rero Ibona neza ivyo mukora, Nyenukubona.

Explanation & meanings · 1
  1. Nk’abapfuye n’ibindi bitagira ubuzima.