50 : 14
وَأَصۡحَٰبُ ٱلۡأَيۡكَةِ وَقَوۡمُ تُبَّعٖۚ كُلّٞ كَذَّبَ ٱلرُّسُلَ فَحَقَّ وَعِيدِ
Abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barungikiwe Shu’ayibu, hamwe rero n’abantu b’umwami wo muri Yemeni batazira Tubba’a. Abo bose rero, barahakanye bivuye inyuma Intumwa barungikiwe, gutyo bashikirwa n’inkurikizi zo kutumva ukubihaniza kwanje Jewe Allah, Nca Ndabahana vy’akarorero.
Explanation & meanings · 1
- Tubba’a, ni itazirano ryahabwa umwami uwo ari we wese mu bami batwara igihugu ca Yemeni aho hambere hahise.