Skip to content
المَائدة /

Ayah 64

5 : 64

Ayah 64 of المَائدة (5 : 64). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

المَائدة Ayahs 120
Surah · المَائدة
Ikirundi · Gehiti
5 : 64

وَقَالَتِ ٱلۡيَهُودُ يَدُ ٱللَّهِ مَغۡلُولَةٌۚ غُلَّتۡ أَيۡدِيهِمۡ وَلُعِنُواْ بِمَا قَالُواْۘ بَلۡ يَدَاهُ مَبۡسُوطَتَانِ يُنفِقُ كَيۡفَ يَشَآءُۚ وَلَيَزِيدَنَّ كَثِيرٗا مِّنۡهُم مَّآ أُنزِلَ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَ طُغۡيَٰنٗا وَكُفۡرٗاۚ وَأَلۡقَيۡنَا بَيۡنَهُمُ ٱلۡعَدَٰوَةَ وَٱلۡبَغۡضَآءَ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِۚ كُلَّمَآ أَوۡقَدُواْ نَارٗا لِّلۡحَرۡبِ أَطۡفَأَهَا ٱللَّهُۚ وَيَسۡعَوۡنَ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَسَادٗاۚ وَٱللَّهُ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُفۡسِدِينَ

Abayahudi igihe baterwa n’inzara, bavuze bati: “Ukuboko kw’Imana Allah nta co kwikura”. Baragapfa ata co bikuye mu gukora ivyiza! Baranavumwe bitewe n’ivyo bavuze. Imana Allah rero ntiri nk’ukwo bavuze, ahubwo nyabuna amaboko yayo ararekura mu gutanga ijoro n’umurango, Itanga uko Ishatse ku neza y’ibiremwa. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri ukwihambaza no kugarariza bizokwiyongera kuri benshi muri bo, bitewe n’ishari n’inzigo bagufitiye ku kuba wahawe ubutumwa n’Imana yawe Rurema Allah. Twarateye urwanko n’inzigo vyamaho hagati y’imigwi y’abayahudi gushika ku musi w’umuhero w’isi. Igihe cose rero bazokwatsa umuriro wo gutera indwano mu bislamu, Imana Allah Izowuzimya mu kubacanishamwo, kandi ntibazokwigera bareka kugenzwa n’ubwononyi kw’isi, buturutse ku vyo bakora. Burya Imana Allah ntikunda na gato abononyi.

Explanation & meanings · 1
  1. Iyi Aayah, iremeza ko Imana Allah Ifise amaboko mu buryo bukwiranye n’icubahiro cayo, ata kuyagereranya n’ay’ibiremwa mu kuntu aremye.