Skip to content
الزُّخرُف /

Ayah 86

43 : 86

Ayah 86 of الزُّخرُف (43 : 86). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الزُّخرُف Ayahs 89
43 : 86

وَلَا يَمۡلِكُ ٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ مِن دُونِهِ ٱلشَّفَٰعَةَ إِلَّا مَن شَهِدَ بِٱلۡحَقِّ وَهُمۡ يَعۡلَمُونَ

Abasengwa n'ababangikanyamana mu gishingo cayo, ntibazoshobora kuvugira umuntu n’umwe ku Mana Allah, kiretse ko bazoshobora kuvugira gusa abemanze ukuri mu kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakaba bazi ukuri kw’ivyo bemeye bakemanga.

Explanation & meanings · 1
  1. Abavugwa ng'aho, ni abasengwa mu biremwa mu gishingo c'Imana Allah badashimishwa n'iryo sengwa; nk'abamalayika, Intumwa Isa mwene Mariyamu, Uzayiru n'abandi mu beranda.