Skip to content
الزُّخرُف /

Ayah 32

43 : 32

Ayah 32 of الزُّخرُف (43 : 32). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الزُّخرُف Ayahs 89
43 : 32

أَهُمۡ يَقۡسِمُونَ رَحۡمَتَ رَبِّكَۚ نَحۡنُ قَسَمۡنَا بَيۡنَهُم مَّعِيشَتَهُمۡ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۚ وَرَفَعۡنَا بَعۡضَهُمۡ فَوۡقَ بَعۡضٖ دَرَجَٰتٖ لِّيَتَّخِذَ بَعۡضُهُم بَعۡضٗا سُخۡرِيّٗاۗ وَرَحۡمَتُ رَبِّكَ خَيۡرٞ مِّمَّا يَجۡمَعُونَ

Ntumwa y’Imana! Mbega none ababangikanyamana, ni bo bagabura impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah, bagaha ubuvugishwamana uwo bashatse! Twebwe Allah, Twarabagaburiye ibibabeshaho mu buzima bwo kw’isi, Turaheza Tuduza bamwe mu cubahiro gusumba abandi; gutyo haba umutunzi n’umukene, uwufise imirya n’uwufise intege nke; kugira ngo babe magiriranire, bakenerane muri nya buzima. Burya, impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah zo kwinjiza abantu mu Bwami bw’ijuru, ni zo nziza gusumba ivyo bahurumbira kwegeranya mu bihendamaso vy’isi.

Explanation & meanings · 1
  1. Umutunzi mu vyo adashoboye arakenera kubifashwamwo n’umukene; umukene na we mu vyo adafise agakenera kubironswa n’umutunzi, ugasanga rero, umwe wese muri bo, akorera uwundi mu buryo atazi ko ari umukozi wiwe.