Skip to content
الشُّورى /

Ayah 14

42 : 14

Ayah 14 of الشُّورى (42 : 14). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الشُّورى Ayahs 53
Surah · الشُّورى
Ikirundi · Gehiti
42 : 14

وَمَا تَفَرَّقُوٓاْ إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَهُمُ ٱلۡعِلۡمُ بَغۡيَۢا بَيۡنَهُمۡۚ وَلَوۡلَا كَلِمَةٞ سَبَقَتۡ مِن رَّبِّكَ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمّٗى لَّقُضِيَ بَيۡنَهُمۡۚ وَإِنَّ ٱلَّذِينَ أُورِثُواْ ٱلۡكِتَٰبَ مِنۢ بَعۡدِهِمۡ لَفِي شَكّٖ مِّنۡهُ مُرِيبٖ

Ababangikanyamana rero, ntibiciyemwo imigwimigwi, kiretse ko babigize ku kagagazo inyuma y’aho bashikiriwe n’ubumenyi hamwe n’ivyemezo vy’isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah. Ntumwa y’Imana! Iyo rero Imana yawe Rurema Allah Itaba Yaramaze gutanga isezerano ryo kudahonya abantu warungitsweko, mu kurindiriza ibihano vy’umwumwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri abagarariji muri bo bari guhanwa bagahona bose bakagoka, maze hagasigara abagororotsi gusa. Mu vy’ukuri, abatoranye Igitabu ca Tawurati n’Injili mu nyuma yabo, ni ukuri barafise amakenga mu kwemera kwabo, atuma bama bahazana kuri Qor’ani.