40 : 44
فَسَتَذۡكُرُونَ مَآ أَقُولُ لَكُمۡۚ وَأُفَوِّضُ أَمۡرِيٓ إِلَى ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ بَصِيرُۢ بِٱلۡعِبَادِ
Wa mwemeramana amaze kubahanura bakamwirengagiza, yababwiye ati: “Burya, bitebe bitebuke, muzokwibuka ko nabahanuye ata co mugikiza. Nayo jewe, ndikinze ku Mana Allah mu kuyishimikiza. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’abaja bayo kandi Izobibahembera”.