Skip to content
An-Nisaa-i /

Ayah 33

4 : 33

Ayah 33 of An-Nisaa-i (4 : 33). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

An-Nisaa-i Ayahs 176
Surah · An-Nisaa-i
Ikirundi · Gehiti
4 : 33

وَلِكُلّٖ جَعَلۡنَا مَوَٰلِيَ مِمَّا تَرَكَ ٱلۡوَٰلِدَانِ وَٱلۡأَقۡرَبُونَۚ وَٱلَّذِينَ عَقَدَتۡ أَيۡمَٰنُكُمۡ فَـَٔاتُوهُمۡ نَصِيبَهُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدًا

Umwe wese muri mwebwe rero, Twaramugeneye abatorana ibisigi vy’abavyeyi n’ivy’abavandimwe biwe, hamwe rero n’abo mwanywanye mu kurahira ko mutegerezwa gutabarana no guhana ku bisigi, abo rero murabaha ico bagenewe mu bisigi. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye Ibona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa, ni Yo Cabonamurivyose.

Explanation & meanings · 1
  1. Ugutorana hisunzwe ukunywana kwarubahirizwa mu ntango y’ubwislamu, ariko mu nyuma iyo ngingo yahavuye isubirirwa n’ingingo zo gutorana. Raba Aayah ya 11 n’iya 12 muri iki gisomwa c’Abakenyezi.