Skip to content
النِّسَاء /

Ayah 113

4 : 113

Ayah 113 of النِّسَاء (4 : 113). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

النِّسَاء Ayahs 176
4 : 113

وَلَوۡلَا فَضۡلُ ٱللَّهِ عَلَيۡكَ وَرَحۡمَتُهُۥ لَهَمَّت طَّآئِفَةٞ مِّنۡهُمۡ أَن يُضِلُّوكَ وَمَا يُضِلُّونَ إِلَّآ أَنفُسَهُمۡۖ وَمَا يَضُرُّونَكَ مِن شَيۡءٖۚ وَأَنزَلَ ٱللَّهُ عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَعَلَّمَكَ مَا لَمۡ تَكُن تَعۡلَمُۚ وَكَانَ فَضۡلُ ٱللَّهِ عَلَيۡكَ عَظِيمٗا

Ntumwa y’Imana! Iyo hataba impano n’impuhwe z’Imana Allah mu kukugira Umuvugishwamana, Igaheza Ikanagukingira, mu bihemukiye hari kuvamwo umugwi wita ku rutare kugira ngo uguhubishe inzira y’ukuri, kira noneho uwo mugwi nta n’uwo wari guhubisha kiretse ukwihubisha wo wonyene, eka nta n’ico wokwiciye kuko wewe ukingiwe, kira noneho Imana Allah Yaranakumanuriye Igitabu ca Qor’ani, Iguha inyigisho n’imigenzo biyitomora, maze Ikwigisha n’ivyo utari uzi. Burya impano z’Imana Allah Yakugeneye zamye zihambaye.