Skip to content
يسٓ /

Ayah 12

36 : 12
يسٓ Ayahs 83
Surah · يسٓ
Ikirundi · Gehiti
36 : 12

إِنَّا نَحۡنُ نُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَنَكۡتُبُ مَا قَدَّمُواْ وَءَاثَٰرَهُمۡۚ وَكُلَّ شَيۡءٍ أَحۡصَيۡنَٰهُ فِيٓ إِمَامٖ مُّبِينٖ

Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tuzosubiza ubuzima abapfuye, maze bakazuka ku musi w’izuka, Turanandika n’ivyo bakoze vyose, vyaba ivyiza canke ibibi, Tukandika n’ivyo babaye imvo yuko bibandanya gukorwa kw’isi baramaze gupfa, vyaba ivyiza canke ibibi, kandi rero ikintu ico ari co cose bakoze, Twarakibungabunze mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.

Explanation & meanings · 2
  1. Nk’umwana basize, ubumenyi bwungura abantu n’imperezwa ifise indishi zibandanya.
  2. Nk’ibangikanyamana canke ibicumuro babaye imvo yuko bibandanya gukorwa kw’isi kandi baramaze gupfa.