Skip to content
الرُّوم /

Ayah 24

30 : 24

Ayah 24 of الرُّوم (30 : 24). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الرُّوم Ayahs 60
Surah · الرُّوم
Ikirundi · Gehiti
30 : 24

وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦ يُرِيكُمُ ٱلۡبَرۡقَ خَوۡفٗا وَطَمَعٗا وَيُنَزِّلُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَيُحۡيِۦ بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَآۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ

Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kuba Ibereka imiravyo mugaheza mugatinya gukubitwa n’inkuba, mukizera no kuronka akavura, Igatuma rero hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Igaheza Igatotahaza isi inyuma yo kugaduka hakoreshejwe amazi ya nya mvura. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu b’abanyabwenge bategera bakikebuka, maze bakamenya ububasha n’ubugwaneza vy’Imana Allah.