15 : 72
لَعَمۡرُكَ إِنَّهُمۡ لَفِي سَكۡرَتِهِمۡ يَعۡمَهُونَ
Ntumwa y’Imana! Ndarahiye ku cubahiro c’ubuzima bwawe ko abantu barungikiwe Luutwi, bari baragoswe bakaguma bajuragirika;
Explanation & meanings · 1
- Imana Allah Irarahira ku kintu ico ari co cose Ishatse, mu ntumbero yo kwerekana icubahiro ca nya kintu. Nayo umuntu, ntarekuriwe kurahira ku kintu na kimwe mu biremwa, arahira gusa kw’izina ry’Imana Allah.