14 : 46
وَقَدۡ مَكَرُواْ مَكۡرَهُمۡ وَعِندَ ٱللَّهِ مَكۡرُهُمۡ وَإِن كَانَ مَكۡرُهُمۡ لِتَزُولَ مِنۡهُ ٱلۡجِبَالُ
Ababangikanyamana barateze umutego wo kwica Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi Imana Allah Yari Izi umutego bateze Intumwa yayo, maze Irawutegura; kanatsinda, nya mutego wabo nta n’imisozi wari gusenyura kuko ata co wabashikanyeko.