Skip to content
الرَّعد /

Ayah 33

13 : 33

Ayah 33 of الرَّعد (13 : 33). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الرَّعد Ayahs 43
Surah · الرَّعد
Ikirundi · Gehiti
13 : 33

أَفَمَنۡ هُوَ قَآئِمٌ عَلَىٰ كُلِّ نَفۡسِۭ بِمَا كَسَبَتۡۗ وَجَعَلُواْ لِلَّهِ شُرَكَآءَ قُلۡ سَمُّوهُمۡۚ أَمۡ تُنَبِّـُٔونَهُۥ بِمَا لَا يَعۡلَمُ فِي ٱلۡأَرۡضِ أَم بِظَٰهِرٖ مِّنَ ٱلۡقَوۡلِۗ بَلۡ زُيِّنَ لِلَّذِينَ كَفَرُواْ مَكۡرُهُمۡ وَصُدُّواْ عَنِ ٱلسَّبِيلِۗ وَمَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنۡ هَادٖ

Burya, Uwuhagarikiye Akazigama ibikorwa vy’ikiremwa ico ari co cose, ni We Akwiye gusengwa, canke ibiremwa ata co vyishoboje, vyafashwe bikabangikanywa n’Imana Allah mu gusengwa! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Enda nyabuna, nimumbwire amazina n’amatazirano y’ivyo bigirwamana! Canke mushaka kubwira Imana Allah ko Ifise ababangikanywa na Yo mu bumana kw’isi, Itigeze Imenya! Canke mubita ababangikanye n’Imana Allah kw’izina gusa, kandi batigeze babaho koko!”. Ahubwo rero bararyoherejwe na shetani ikinyoma c’ibangikanyamana ryabo, iraheza ibabuza gukurikira inzira y’Imana Allah. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamureka agahuba inzira kubera ubutumva bwiwe, nta n’umwe ashobora kumurongora mu nzira yayo.