Skip to content
هُود /

Ayah 18

11 : 18
هُود Ayahs 123
Surah · هُود
Ikirundi · Gehiti
11 : 18

وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًاۚ أُوْلَٰٓئِكَ يُعۡرَضُونَ عَلَىٰ رَبِّهِمۡ وَيَقُولُ ٱلۡأَشۡهَٰدُ هَٰٓؤُلَآءِ ٱلَّذِينَ كَذَبُواْ عَلَىٰ رَبِّهِمۡۚ أَلَا لَعۡنَةُ ٱللَّهِ عَلَى ٱلظَّٰلِمِينَ

Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah. Abarementaniriza Imana Allah rero, bazoshengezwa ku Mana yabo Rurema Allah ku musi w’izuka, kugira Ibahembere ivyo bakoze; abamalayika, Intumwa, n’ibindi biremwa bazoba ivyabona, maze bavuge bati: “Aba, barementanirije Imana yabo Rurema Allah bakiri kw’isi, Imana Allah Yaramaze kubashavurira. Emwee! Abirenganije barakavumwa n’Imana Allah”;