11 : 105
يَوۡمَ يَأۡتِ لَا تَكَلَّمُ نَفۡسٌ إِلَّا بِإِذۡنِهِۦۚ فَمِنۡهُمۡ شَقِيّٞ وَسَعِيدٞ
Igihe rero umusi w’izuka wageze, nta kiremwa na kimwe kizogira ico kivuze kiretse ku burenganzira gihawe n’Imana Allah; burya mu biremwa, harimwo abagotse bategerezwa guhanwa, hakabamwo n’intore zitegerezwa gushimirwa;