Skip to content
At-Tawba /

Ayah 81

9 : 81

Ayah 81 of At-Tawba (9 : 81). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

At-Tawba Ayahs 129
Surah · At-Tawba
Ikirundi · Gehiti
9 : 81

فَرِحَ ٱلۡمُخَلَّفُونَ بِمَقۡعَدِهِمۡ خِلَٰفَ رَسُولِ ٱللَّهِ وَكَرِهُوٓاْ أَن يُجَٰهِدُواْ بِأَمۡوَٰلِهِمۡ وَأَنفُسِهِمۡ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَقَالُواْ لَا تَنفِرُواْ فِي ٱلۡحَرِّۗ قُلۡ نَارُ جَهَنَّمَ أَشَدُّ حَرّٗاۚ لَّوۡ كَانُواْ يَفۡقَهُونَ

Abasivye ku rugamba rwa Tabuuki, bararyohewe n’ugusigara i Madina baciye kubiri n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakaba basivye ku kwanka kujana na yo guharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo, baraheza babwirana hagati yabo bati: “Ntimuhirahire ngo mugende ku rugamba mu bushuhe buri aho!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Umuriro wa Jahannamu nyabuna ni wo urimwo ubushuhe bw’akataraboneka”, nibaba koko bazi ico ari co ubushuhe.

Explanation & meanings · 1
  1. Hari ku rugamba rwa “Tabuuki” rwabaye ari mu ci, izuba rimena imbwa agahanga.