9 : 50
إِن تُصِبۡكَ حَسَنَةٞ تَسُؤۡهُمۡۖ وَإِن تُصِبۡكَ مُصِيبَةٞ يَقُولُواْ قَدۡ أَخَذۡنَآ أَمۡرَنَا مِن قَبۡلُ وَيَتَوَلَّواْ وَّهُمۡ فَرِحُونَ
Muvugishwamana! Ushikiwe n’iciza kirazituntuza. Ushikiwe n’ikibi naho zica zivuga ziti: “Ntuze! Twebwe turi abanyabwenge, twabimenye kare turikingira mu kutajana na Muhamadi”, maze zigahindukira zinezerejwe n’ivyagushikiye.
Explanation & meanings · 2
- Nko kunezerwa canke kuronka iminyago.
- Nk’amagorwa canke kuneshwa ku rugamba.