Skip to content
الأعرَاف /

Ayah 29

7 : 29
الأعرَاف Ayahs 206
Surah · الأعرَاف
Ikirundi · Gehiti
7 : 29

قُلۡ أَمَرَ رَبِّي بِٱلۡقِسۡطِۖ وَأَقِيمُواْ وُجُوهَكُمۡ عِندَ كُلِّ مَسۡجِدٖ وَٱدۡعُوهُ مُخۡلِصِينَ لَهُ ٱلدِّينَۚ كَمَا بَدَأَكُمۡ تَعُودُونَ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Imana yanje Rurema Allah Yababwirije gutunganiriza abantu, Ibabwiriza no kuyitumbera muyiyegereza mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende aho muzoba muri hose, canecane mu misigiti; ibabwiriza no kuyisaba mweza idini ryayo, mwemera izuka ry’inyuma yo gupfa; nk’uko Yashoboye rero kubarema ubwa mbere, Irashoboye kandi kubazura mukomeye”.